Jeudi 23 janvier 2025

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 30 MUNYONYO 2017

30/11/2017 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 30 MUNYONYO 2017

• Inama nshingamateka yemeje integuro y’itegeko risubiramwo itegeko rigenga urwego rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora CNC. Mubishasha biri munteguro y’iryo tegeko nuko urwo rwego rufise uburenganzira bwogutanga nokwaka ikarata y’umwuga umumenyeshamakuru. Bamwe mubashingamateka bakabonako ubwo bubasha bwokwaka ikarata umumenyeshamakuru butari guhabwa urwego CNC ahubwo bwari gushirwa mu minwe y’ubutungane.

• Imirwi itanu yashinzwe n’abari mu biganiro vy’i Arusha yatanguye kuraba nugutanga intererano ku bibazo ummunani vyashikirijwe n’umufasha w’umuhuza mu Biganairo bijanye n’matati ari mu gihugu c’uburundi . Inkuru ziva i Arusha zemeza ko kur’uyu wa gatanu ari imirwi izoshikiriza ivyi yashitseko mu nama ya bose .

• Umuntu umwe yishwe uwundi arakomereka amafaranga atazwi igitigiri aribwa n’abasuma bitwaje ibirwanisho bataegeye abadandaza b’inka mu kibira muri zone Bugarama komine Muramvya ni mugihe bari bavuye I bubanza bagiye mwisoko yinka i Muramvya . Umuvugizi w’igipolisi yemeza ko umuntu umwe murabo basuma yamenyekanye amatohoza ngo akaba abandanya .

• Umusuma yararashwe n’umuporisi mw’ijoro rayekeye ryo kuri uyu wa 29 Munyonyo muri quartier Gasekebuye, muri zone Musaga. Abanyagihugu baho bamenyesha yuko imihana yabo isanzwe igeramiwe n’abasuma biba mw’ijoro bagasaba ko abajejwe umutekano bokwongerezwa muri iyo Quartier. Mu gipolisi bemeza ko uyo muntu yarashwe kubera ngo yagira atere grenade abajejwe umutekano bariko bamukwirikirana . Pierre Nkurikiye avugira igipolisi yemeza ko ubusuma bwimonogoje muri quartier Gasekebuye igipolisi kigiye kubuhagurukira .

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.