Mardi 16 juillet 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 22 RUHUHUMA 2018

22/02/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 22 RUHUHUMA 2018

•Amezi 19 ararangiye atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru Jean Bigirimana yakorera ikinyamakuru Iwacu. Jean Bigirimana akaba yabonywe irya nyuma kuwa 22/7/2016 muri zone Bugarama mu ntara ya Muramvya.

bigAmakuru ava mu bamubonye ubwa nyuma yemeza ko yatwawe n’umuduga woba ari uw’urwego rw’iperereza ; ivyabeshujwe n’igipolisi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba caritwariye umuntu atazwi nayo mu bushikiranganji bw’ubutungane bavuga ko batanguje amatohoza. Umuryango wa Jean Bigirimana nawo ukaba wahavuye uhunga mu gihe wabona ko ugeramiwe.

•Umuryango wa Pacifique Nduwayezu aheruka kwitaba Imana afungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba wagiriza ubuyobozi bw’iryo bohero ko bwanse guha uruhusha uwabo kugira ashobore kuja kwivuza kugeza aho yitaba Imana. Uwo muryango ukavuga ko yari amaze amaze imisi 9 asaba uruhusha rwo gusohoka iryo bohero kugira aje kwivuza ariko bararumwima. Ivyo bivugwa n’uwo muryango biriyamirizwa n’umugenduzi mukuru w’ubutungane akaba n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubutungane. Adolphe Havyarimana we avuga ko uwo munyororo yahitanywe n’inzoga zitemewe n’amategeko yanyoye .

•Uwutwara Sentare isubiramwo imanza ya Gitega Thomas Ntimpirangeza hamwe n’umucamanza bakorana Prime Habiyambere barahagaritswe kuruyu wa 3. Nkuko vyemezwa n’umushikirizamanza kizigenza wa Républika, abo bacamanza ngo bahagaritswe bagirizwa ko bakiriye igiturire. Sylvestre Nyandwi umushikirizamanza kizigenza wa Republika akemeza ko n’uwukekwa ko yabahaye igiturire yafashwe. Ariko ntashima gutanga umuco kubijanye n’ingene ico giturire catanzwe kuko ngo iyo dossier ikiri mu matohoza.

•Ikigo kijejwe kuraba ibijanye n’ibirere hano mu Burundi IGEBU cemeza ko imvura izorwa ku rugero rusanzwe kuva mu kwezi kuza kwa 3 kugera mu kwezi kwa 5. Augustin Ngenzirabona umuyobozi ajejwe igisata kiraba ivy’amazi n’ibirere mu kigo IGEBU agasigura ariko ko mu gice c’uburaruko bushira uburengero hazorwa imvura nyinshi. Imvura ikaba izocika mu kwezi kwa 5.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.