Jeudi 23 janvier 2025

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 22 Nzero umwaka w’2018

22/01/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 22 Nzero umwaka w’2018

• Amezi 18 araringiye atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru Jean Bigirimana yakorera ikinyamakuru Iwacu. Jean Bigirimana akaba yabonywe irya nyuma kuwa 22/7/2016 muri zone Bugarama mu ntara ya Muramvya. Amakuru ava ku bamubonye ubwa nyuma yemezako yatwawe n’umuduga woba ari uw’urwego rw’iperereza, ivyabeshujwe n’igipolisi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba caritwariye umuntu atazwi(porter plainte contre x) nayo mu bushikiranganji bw’ubutungane bavugako batanguje amatohoza. Umuryango wa Jean Bigirimana nawo ukaba wahavuye uhunga mu gihe wabonako ugeramiwe.

• Icegera c’umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe ibikorwa vyo kugarukana amahoro, Jean- Pierre Lacroix yagenye lieutenant Général Chikadibia Isaac Obiakor ngo arongore amatohoza ku bwicanyi bwahitanye impuzu z’Abarundi 37 baba i Kamanyola mu gihugu ca républika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Nta muco uraboneka kur ‘ubwo bwicanyi bwabaye mu kwezi kwa Nyakanga mu mwaka wi 2017

• Hari umukenyezi yaraye acumitse umwana wiwe imbugita yo mu mugongo muri quartier Kajiji zone Kanyosha komine Muha mu gisagara ca Bujumbura .inkuru ziva aho mu kanyosha zemeza ko uyo mukenyezi yakoze ico caha ngo kuko uyo mwana wiwe yazigije ibiharage . Mu gipolisi bemeza ko umwana yaciye aja kuvuzwa kandi amagara yiwe atabangamiwe . Nayo uyo mu kenyezi akaba ari mu minwe y’igipolisi.

• Ivyumutekano tubibandanirize mu ntara ya Makamba aho Umuntu azwi kwizina rya God akorera asanzwe anyonga imiduga mu ntara ya Makamba yatowe yapfuye mu gitondo co kur’uyu wa mbere mu nzu iwe muri quartier Gitunda yo muri komiene Nyanza lac . Umutambukanyi w’uyo yasanzwe yapfuye akaba yari yaraye izamu kuri centre de santé . Icoba catumye urwo rupfu ntikiramenyekana Mu gipolisi bavuga ko amatohoza yatanguye kugira bamenye iico urwo rupfu rwavuyeko naho bakeka ko yoba ngo yiyahuye kubera ingorane afitaniye n’abo mu muryango wiwe

Abanyeshure 10 bokwishure nshingiro rya kigwena muntara ya rumonge bakubiswe n’inkuba. Ivyo vyabaye kumuhingamo wo kuruyu wa 1. Abanyeshure 3 muribo bakaba bababaye cane . Ubu bariko bavurirwa mw’ivuriro ryaho mu Rumonge.

• Ishirahamwe ry’abaunguruza abantu n’ibintu Atrabu rihamagarira abunguruza abantu hagati mu gisagara ca Bujumbura bakoresheje ama bus ko bokwubahiriza ibiciro vyashinzwe na Leta. Charles Ntirampeba umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe abivuga afatiye ko abagendesha iyo miduga barihisha amafaranga 400 mu gihe igiciro cashinzwe ari 380. Mugihe basigurako bataronka amafaranga 20 yogusubiza, uwo arongoye Atrabu avugako ico kitoba icitwazo kugirango baduze igiciro ahubwo ngo borondera ayo mafaranga mato mato yogusubiza abo bunguruje.

• Ishure ryisumbure ryimyuga ryo kwibuka rimaze imyaka irenga ibiriritaronswa amazi yaregideso.baba abanyeshure canke abarongoye iryoshuri rifise uburaro bwabanyeshure bashika ku 274 ngo ico kibazontibacumva kuko ntaho batarashika ariko bikaba infagusa.

• Urunani rw’amashirahamwe y’abakenyezi Cafob mu Burundi rumenyesha yuko ku bisanzwe abagabo mu rugo ari bo bakingira imiryango ariko badafise uburungenzira bwo guhohotera abo batunze. Ivyo urwo runani rubishikirije inyuma yaho Ikigo Istebu gitororokanya ibiharuro mu gihugu kigakora ivyigwa vy’ubutunzi cerekaniye ko mu Burundi igice c’abakenyezi bakorewe amabi akorerwa. Ku bwa Cécile Mubindi, umuhuzabikorwa muri urwo runani amabi abagabo bakora abagarukako. Rugahanura abubakanye kubana neza bakamenye ko umuntu wese afise amateka Yiwe.

• Hamaze imisi hibonekeza mu Rumonge abarundi benshi baja guca amafaranga muturere dutandukanye tw’intara ya Kivu y’ubumanuko mu gihugu kibanyi ca Congo. Abo barundi bakaba bagirirayo ingorane kuko baja gukorera muturere turimwo abarwanyi ba Mai Mai. Ngo barakubitwa bakanyarwa n’utwabo.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.