• Umugambwe Sahwanya Frodebu wemezako utatanze urutonde rw’abanywanyi bawo mu murwi CENI ujejwe gutegura amatora kugirango bazoje mu mirwi izotegura ku rwego rw’intara CEPI amatora yokwemeza canke guhakana integuro y’ibwirizwanshingiro rishasha.Léonce Ngendakumana icegera c’uwurongoye uwo mugambwe abonako abanywanyi bawo bagiye muriyo mirwi kwoba arugushigikirako amasezerano ya Arusha ahonyangwa. Ananegurako kugera ubu uwo mugambwe utaramenyeshwa ibizohinyanyurwa mw’ibwirizwanshingiro.
Mumugambwe Ranac ho bavugako batanze urutonde rwabanywanyi bawo kugirango bazoshirwe muriyo mirwi. Georges Nikiza avugira uwo mugambwe akavugako barungitse abanywanyi babo kugirango baterere ibijanye noguhinyanyura ibwirizwanshingiro bigende neza.
Ivyo babivuze mu gihe kuruyu wa 3 umugwi ujejwe gutegura amatora CENI ariryo sango rya nyuma wari wahaye abipfuza kuja mu mirwi izotegura ayo matora mu ntara yokwemeza canke guhakana integuro y’ibwirizwashingiro rishasha bazoba batanze dossier zabo.

• Abashingamateka babarundi bari mu nama nshingamateka y’ibihugu biri mu muryango wa Afrika y’ubuseruko EALA bariyamiriza itorwa ry’umushingamateka wo mu gihugu c’urwanda mu kibanza co kurongora iyo namanshingamatek. Babonako ayo matora atakurikije amategeko. Mw’itangazobashize ahabona abo bashingamateka uko ari icenda bavugako igitigiri gisabwa kugira amatora ashoboke kitari gikwiye,ikindi naco ngo ntihubahirijwe amategeko agenga umuryango wa Afrika y’ubuseruko avugako mugutora uwurongora inama nshingamateka yuwo muryango hakurikizwa ugukurakuranwa kw’ibihugu bigize uyo muryango. Ivyo babivuze inyuma yaho kuruyu wa 2 umushingamateka wo mu gihugu c’urwanda Martin Ngoga ariwe yatowe ngo arongore iyo nama nshingamateka. Ayo matora akaba yabaye abashingamateka bo mu gihugu ca Tanzaniya nabo mu burundi basohotse aho basaba ko mugutora hokurikizwa ibijanye nogukurakuranwa kw’ibihugu.
• Abantu bitwaje ibirwanisho barateye umuryango w’uwitwa Jerome Sinumvayaha mw’ijoro ryakeye ku mutumba Mugina, zone Buseruko, komine mu ntara ya cibitoke . Uwo mugabo n’umukenyezi wiwe barakomeretse bikomeye bakaba bariko bavurirwa mu bitaro bikuru vyo mu Cibitoke. Amakuru dukura aho i mugina akavuga ko uwo muryango woba uhorwa kwari abarozi.