Samedi 19 avril 2025

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 17 MUNYONYO 2017

17/11/2017 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 17 MUNYONYO 2017

• Hari ibiziga 3 vyatowe mu ruzi Rusizi muri commune Rugombo. Amakuru ava aho yemezako ivyo biziga vyatanguye kubonwa haraheze imisi 3 ariko ngo ntibirakurwa mururwo ruzi. Umwe mubatowe kurwego rwo hasi muriyo commune ngo yarateye akamo abajejwe intwaro kurwego rwohejuru kugira bafashe kuroba ivyo biziga ariko ngo ntaco vyafashije.

Abakoresha amazi ya Rusizi bafise amakenga kumagara yabo kubera ivyo biziga biriko birononekarira murayo mazi.

Musitanteri wa commune Rugombo Béatrice Kadeyi tumuhamagaye yatumenyeshejeko ayo makuru atarayamenya.
• Igiporisi cerekanye abantu 6 kivugako cafatanye imipanga n’amasitimu kuruyu wa 4. Igiporisi kibagiriza kuba bari mu bantu b’inkozi z’ikibi zitegera abantu zikabiba zikongera zikabatemahura.

Igiporisi kimenyesha yuko kiriko kirakora kugira gituze abantu nk’abo bahungabanya umutekano.

• Abantu 4628 bo mu ntara za Muramvya na Ruyigi nibo bituye umurwi ujejwe kurondera ukuri n’ukunywanisha abarundi CVR. Ni mu bikorwa vyuwo murwi biherutse gukorwa mu ntumbero yo kumenya amabi yakozwe mu magume Uburundi bwagiye buracamwo. Musenyeri Jean Louis Nahimana arongoye umurwi CVR akaba yamenyesheje ko ibinogo rusangi vyahambwemwo abantu vyababa 700 arivyo biharurwa mu ntara ya Muramvya.

Nayo abantu bavurwa ko babuzwe irengero muriyo ntara ngo bashika ibihumbi 17.

Mw’ishirahamwe rihurikiyemwo abacitse kw’icumu mu magume uburundi bwaciyemwo AMEPECI Girubuntu babaonako umurwi CVR ufise ikiringo gito cogukora. Aloys Batungwanayo arongoye iryoshirahamwe akabonako uwo murwi wariguhabwa imyaka 6 yogukora . Uyo arongye AMEPECI abona ariko ko ivyo bitigiri bishikirizwa na CVR bitari kure cane yivyo nabo baronse murizo ntara.

• Umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri k’ubutegetsi Cndd -fdd avugako igihugu cari carafutanye imbere yuko uwo mugambw ushikira ubutegetsi. Evariste ndayishimiye yabishikirije kuruyu wa kane igihe yariko atanguza indwi yahariwe umugwanyi.

Evariste ndayishimiye akaba yibukije abanywanyi b’umugambwe ko nubu urugamba rutarahera ,akabahamagarira kuba intwari bose.

• Ibice birenga 70% vy’abanyagihugu bo mu gisagara ca bujumbura bafata ukutariko imiti. Nkuko biri mu vyigwa vyakozwe n’amashirahamwe atandukanye akora mubijanye n’amagara y’abantu abatari bake bafata imiti yica imigera ariyo antibiotiques batayandikiwe n’umuganga. Ikindi ng nuko ubu hibonekeza imiti itagishobora kuvura imigera. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bukamenyesha ko bwakoze urutonde rw’imiti izotangwa mu mazu adandarizwamwo imiti aruko uyandikiwe n’umuganga , ivyo bikazogabanya ingarukambi ziri mw,ikoreshwa nabi ry’imiti

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.