 Commandez « Paroles et écrits de Louis Rwagasore, leader de l’indépendance du Burundi » (éditions Iwacu – Khartala), de Christine Deslaurier et Domitien Nizigiyimana, en écrivant à www.karthala.com
Par
[La Rédaction]
vendredi 13 juillet 2012 à 10 : 26 : 52
Résumé de l’ouvrage
En français :
Louis Rwagasore appartient à la génération des leaders des Indépendances africaines. C’était, au Burundi, un émule de Patrice Lumumba au Congo et de Julius Nyerere en Tanzanie. Fils du mwami (roi) Mwambutsa, il lance à la fin des années 1950 un mouvement nationaliste contre l’administration tatillonne de la Tutelle belge. Fondateur du parti Uprona (Unité et progrès national) tout en étant l’héritier d’une dynastie remontant au XVIIe siècle, il incarne réellement le pays et il réussit à regrouper dans cette action des Burundais de toutes appartenances : Hutu, Tutsi et princes, chrétiens et musulmans swahili. Assassiné en octobre 1961, il ne verra pas l’Indépendance, retrouvée le 1er juillet 1962. Sa mémoire a été maintenue à travers les soubresauts qu’a connus le Burundi depuis 50 ans, mais derrière l’hommage à une icône, sa philosophie politique reste peu connue.
En kirundi :
Rudoviko Rwagasore ari mu murongo w’imboneza zaharaniye ukwikukira kw’ibi-
hugu vyo muri Afirika. Mu Burundi, agererenywa na Lumumba wo muri Kongo hamwe
na Nyerere wo muri Tanzaniya. Yari umuhungu w’umwami Mwambutsa maze mu
mpera z’imyaka ya 1950, atanguza umuhari uhurikiyemwo abakunda igihugu n’iteka
ryaco ariko intwaro y’ababirigi itabishaka. Yashinze umugambwe Uprona (Abadasi-
gana b’i Burundi) kandi ari na we yari samuragwa w’ingoma yahereye mu kinjana ca
17. Mu vy’ukuri afatwa nk’ishusho nyayo igihugu cose cibonamwo kandi muri iryo teka yarashoboye kwegeraniriza hamwe abarundi bo mu mpande zose : Abahutu, Abatutsi n’Abaganwa, abakirisu n’abo mw’idini rya Islamu bavuga igiswahiri. Yagandaguwe muri Gitugutu 1961, atabonye intahe y’ukwikukira igihugu cashikiriye ku wa mbere Mukakaro 1962. Uburundi bwagumye bumwibuka no mu bihe bigoye bwaciyemwo kuva imyaka mirongo itanu, ariko uretse icubahiro n’iteka bihabwa iyo ntibagiranwa, ivyiyumviro vyamuranga muri poritike bizwi na bake.
Ni ubwa mbere haboneka igitabu cegeranirijwemwo makurumakuru amajambo
yashikirijwe mu buzima bw’igihugu, mu ndimi z’ikirundi n’igifaransa hagati y’imyaka
ya 1953 na 1961. Vyose hamwe bishikirijwe muri izo ndimi uko ari zibiri. Ivyanditswe
vyatororokanijwe vyongera bishikirizwa na Kirisina Deslaurier hanyuma bihindurwa
mu kirundi na Domisiyo Nizigiyimana. Iyi ngendo y’ugusubiza agatima kw’isoko, izo-
fasha urwaruka rushasha rwo muri Afirika, rusanganywe ibibazo vyerekeye kazoza,
ariko rwifuza ko ibihe rwimirije vyobarutira ivyo abavyeyi babo baciyemwo.
|